1

1 Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kandi uwo Jambo yari Imana. 2 Uwo yahoranye n'Imana mu ntango; 3 vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we. 4 Muri we harimwo ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w'abantu. 5 Uwo muco wakira mu mwiza, ariko umwiza ntiwawakiriye. 6 Haje umuntu yatumwe n' Imana, izina ryiwe ni Yohana; 7 ni we yazanywe no kuba icabona, ngo ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubwiwe. 8 Si we yari wa muco, ariko kwari ugushingira intahe umuco. 9 Umuco w'ukuri, wakira umuntu wese, wariko uraza muri iyi si. 10 Yari mw'isi, kandi isi yaremwe na we, ariko'isi ntiyamumenya; 11 yaje mu vyiwe, ariko abiwe ntibamwakiriye. 12 Ariko abamwakiriye bose bakamwizera yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana. 13 Abo ntibavyawe n'amaraso, canke n'ukwifuza kw'umubiri, canke n'ukwifuza kw'umugabo, ariko bavyawe n'Imana. 14 Kandi uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubwiza bwiwe, n'ubwiza bumeze nk'ubwo Umwana w'ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n'ukuri. 15 Yohana amushingira intahe, arasemerera ati: "Uwo ni we navuze ko uwuza inyuma yanje ni we yari uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho." " 16 Kandi twese twahawe ku vyuzuye muri we, tugirirwa ubuntu bugerekeranye n'ubundi. 17 Kuko ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu ni ukuri vyazanywe na Yesu Kristo. 18 Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w'ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije. 19 Uku ni ko Yohana yashinze intahe igihe Abayuda bamutumako abaherezi n'Abalewi bavuye i Yerusalemu ngo bamubaze bati: " "Uri nde?" 20 Na we aravyatura, ntiyahisha ukuri, aravyatura ati: "Si jewe Kristo." 21 Baramubaza bati: "None se bimeze bite? Uri Eliya?" Ati: "Sindi we." Bati: "Uri wa muntu avugishwa n'Imana?" Ati: "Oya." 22 Baramubaza bati: "None uri nde, ngo tuje kwishura abadutumye? Kuri wewe wivuga ute?" 23 Ati: "Ndi ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa rivuga ko mugorora inzira y'Uhoraho, nk'uko uwavugishwa n'Imana Yesaya yavuze." 24 Kandi abo batumwe bari Abafarisayo; 25 baramubaza bati: "None ubatiriza iki, ko utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n'Imana?" 26 Yohana arabishura ati: "Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebwe hahagaze uwo mutazi, 27 ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k'ibirato vyiwe." " 28 Ivyo vyabereye i Betaniya, hakurya ya Yorodani aho Yohana yabatiriza. 29 Bukeye bw'aho abona Yesu aza kuri we, aravuga ati: " "Nguwu Umwagazi w'intama w'Imana ukuraho icaha c'abari mw'isi." 30 Uwo ni we navuze nti: "Inyuma yanje hazoza umuntu yari uwo imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho. 31 Nanje sinaribwamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi." 32 Kandi Yohana ashinga intahe ati: "Nabonye Mpwemu amanuka ava mw'ijuru asa n'inuma, aguma kuri we; 33 kandi jewe sinaribwamubone, ariko Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye ko uwo nzobona Mpwemu amanuka amujeko, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera. 34 Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuko uwo ari Umwana w'Imana." 35 Bukeye bw'aho, Yohana yongeye guhagararana na babiri mu bigishwa biwe, 36 yitegereza Yesu agendagenda, aravuga ati: "Nguwu Umwagazi w'intama w' Imana." 37 Abo bigishwa babiri bumvise uko avuga, bakurikira Yesu. 38 Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza ati: "Murondera iki?" Baramubwira bati: "Rabi" (risobanurwa ngo Mwigisha), " usembereye hehe?" 39 Arababwira ati: "Ni muze muharabe." Nuko baragenda, babona aho yatse indaro, basibira aho ari uwo musi, hari nk'isaha icumi. 40 Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, yari umwe muri abo babiri bumvise Yohana, bagakurikira Yesu. 41 Uwo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubwira ati: "Twabonye Mesiya." (risobanurwa ngo Kristo). 42 Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubwira ati: "Uri Simoni umwana wa Yohana; uzokwitwa Kefa " "(risobanurwa ngo Petero). 43 Bukeye bw'aho Yesu agomba kuvayo ngo aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira ati: " "Nkurikira." 44 Kandi uwo Filipo, i wabo ni i Betsayida, igisagara c'i wabo wa Andereya na Petero. 45 Filipo abona Natanayeli, aramubwira ati: "Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n'abavugishwa n'Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w'i Nazareti, umwana wa Yosefu." 46 Natanayeli aramubaza ati: "Mbega i Nazareti hova iciza?" Filipo aramubwira ati: "Ni uze urabe." 47 Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako ati: "Ehe Umwisirayeli vy'ukuri, atarimwo uburyarya." 48 Natanayeli aramubaza ati: "Wamenyeye hehe?" Yesu aramwishura ati: "Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y'umusukoni, nakubonye." 49 Natanayeli na we aramwishura ati: "Mwigisha, uri Umwana w'Imana, ni wewe Mwami w'Abisirayeli." 50 Yesu aramwishura ati: "Wijejwe n'uko ndakubwiye ko nakubonye uri musi y'umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo." 51 Arongera aramubwira ati: "Ni ukuri ndababwira koko yuko muzobona ijuru rikingurutse, kandi abamarayika b'Imana baduga bamanuka ku Mwana w'umuntu."

2

1 Kw'igenekerezo rya gatatu haba ubukwe i Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari ari. 2 Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n'abigishwa biwe. 3 Maze umuvinyu ukamye, nyina wa Yesu aramubarira ati: "Nta muvinyu bafise." 4 Yesu aramwishura ati: "Duhuriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera." 5 Nyina abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore." 6 Hariho impange z'intango zitandatu z'amazi zabajwe mu mabuye, zateretsweho kubwo ukwihumanura nk'uko umugenzo w'Abayuda wari uri, imwimwe yuzuzwa n'ibibindi bibiri canke bitatu. 7 Yesu arababarira ati: "Ni mwuzuze izo ntango amazi." Bazuzuza kugeza ku mbiga. 8 Arababarira ati: "Mudahe ubu nyene, mushire umuteretsi mukuru." Baramushira. 9 Umuteretsi yumvirije amazi yahindutse umuvinyu, ntiyamenye iyo ivuye, ariko abakozi badashe amazi bari babizi; uwo muteretsi ahamagara umukwe, 10 aramubwira ati: "Umuntu wese ahora abanza gutereka umuvinyu uryoshe, maze bahimba akabaha izitaryoshe; ariko weho iziryoshe ni zo wabitse gushitsa ubu." 11 Iryo ni ryo tanguriro ry'ibimenyetso Yesu yakoze ari i Kana i Galilaya, yerekana ubwiza bwiwe; kandi abigishwa biwe baramwizera. " 12 Hanyuma y'ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina n'abavukanyi biwe n'abigishwa biwe, amarayo imisi itari myinshi. 13 Kandi Pasika y'Abayuda yari hafi; Yesu aduga i Yerusalemu. " 14 Asanga mu rusengero abadandarizaho inka, intama, inuma n'abavunja amahera bicaye. 15 Atsiba imigozi ayigira nk'ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n'intama n'inka, asesa amahera y'abariko baravunja, ahenura imeza zabo. 16 Abarira abadandaza inuma ati: "Ni mukureho ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y'isoko." 17 Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngo ishaka ry'inzu yawe rizondya. 18 Abayuda baramubaza bati: "Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?" 19 Yesu arabishura ati: "Ni musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu." 20 Maze Abayuda bati: "Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongo ine n'itandatu; none wewe uzoruhagarika mu misi itatu?" " 21 Ariko we yavuga urusengero rw'umubiri wiwe. 22 Nuko amaze kuzuka mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze. 23 Kandi yari i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora. 24 Ariko Yesu we ntiyabishimira, kuko yari azi abantu bose, 25 ntiyarinda ko hogira uwushingira intahe ivyo umuntu kuko ubwiwe yari azi ibiri mu muntu."

3

1 Hari umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemu, yari umukuru wo mu Bayuda; 2 Uwo aza kuri we mw'ijoro, aramubwira ati: "Mwigisha, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk'ivyo ukora, kiretse Imana iri kumwe na we." 3 Yesu aramwishura ati: "Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw'Imana." 4 Nikodemu aramubaza ati: "Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?" 5 Yesu aramwishura ati: "Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe n'amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw' Imana. 6 Ikivyawe n'umubiri na co ni umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co ni impwemu." 7 Ntutangazwe n'uko ndakubwiye nti: "Murakwiye kuvyarwa ubwa kabiri. 8 Umuyaga uhuhuta aho ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye aho uva, n'aho uja; uko ni ko amera, uwuvyawe na Mpwemu wese." 9 Nikodemu aramubaza ati: "Ivyo bishoboka bite?" 10 Yesu aramwishura ati: "Ni wewe mwigisha w'Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?" 11 Ni ukuri ndakubwire koko: twebwe tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu. 12 Ko nababwiye ivyo isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru? 13 Nta waduze mw'ijuru, atari uwamanutse ava mw'ijuru, ni we Mwana w'umuntu wo mw'ijuru. 14 Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa, 15 ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo budashira." 16 Kuko Imana yakunze urukundo abari mw'isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w'ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. 17 Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw'isi, ariko yamutumye ngo abari mw'isi bakizwe na we. 18 Uwumwizeye ntazotsindwa n'urubanza, ariko uwutamwizeye aramaze gutsindwa, kuko atizeye izina ry'Umwana w' Imana w'ikinege. 19 Uku ni kwo gutsindwa, kuko umuco waje mw'isi, ariko abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi. 20 Kuko uwukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibihanwe. 21 Ariko uwukora ivyo ukuri aza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana. 22 Hanyuma y'ivyo Yesu ajana n'abigishwa biwe mu gihugu c'i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza. 23 Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y'i Salimu, kuko aho hari amazi menshi, abantu baraza bakabatizwa, 24 kuko Yohana ataribwashirwe mw'ibohero. 25 Havyuka ibihari ku bigishwa ba Yohana n'Umuyuda ku vyo kwihumanura. 26 Baza aho Yohana ari, baramubwira bati: "Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we ariko arabatiza, kandi bose baza kuri we." 27 Yohana arabishura ati: "Nta co umuntu ashobora kwironsa ubwiwe, atagihawe kivuye mw'ijuru." 28 Ni mwebwe ubwanyu munshingira intahe yuko navuze nti: "Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwitangira imbere." 29 Uwuhawe umugeni ni we mukwe, ariko umugenzi w'uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n'ijwi ry'umukwe; nuko ako kanyamuneza kanje karashitse. 30 Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto. 31 Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw'isi aba ari uwo mw'isi nyene, avuga ivyo isi; uwavuye mw'ijuru ni we asumba bose. 32 Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, ariko ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera. 33 Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngo Imana ni iyo ukuri. 34 Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y'Imana, kuko idatanga Mpwemu ku ngero. 35 Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe. 36 Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, ariko ishavu ry'Imana riguma kuri we.

4

1 Umwami Yesu amenye ko Abafarisayo bumvise yuko aronka abigishwa benshi, kandi abatiza benshi, arusha Yohana, 2 (ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, bari abigishwa biwe), 3 ava i Yudaya, asubira i Galilaya. 4 Yumva akwiye guca i Samariya. 5 Nuko ashika ku gisagara c'i Samariya citwa Sukara, hafi y'umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe, 6 kandi aho hari iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n'urugendo apfa kwicara kw'iriba, hari nk'isaha zitandatu. 7 Haza umugore w'Umusamariyakazi kuvoma; Yesu aramubwira ati: "Ni umpe utwo kunywa." 8 Kuko abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya. 9 Uno Musamariyakazi aramubaza ati: "Wewe uri Umuyuda, none unsaba amazi ute, jewe ndi Umusamariyakazi ?" Ni kuko Abayuda n'Abasamariya banenana. ) 10 Yesu aramwishura ati: "Iyo uba wari uzi ingabire y'Imana, ukamenya n'uwugusavye ngo Mpa utwo kunywa uwo ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y'ubugingo." 11 Wa mugore aramwishura ati: "Mugenzi, ko ata co kuvomesha ufise, kandi iriba rikaba ari rirerire, ubwo ayo mazi y'ubugingo uyakura hehe?" 12 Mbega uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubwiwe n'abana biwe, n'amasho yiwe?" 13 Yesu aramwishura ati: "Uwunywa kuri ayo mazi wese azosubira kugira inyota; 14 ariko uwunywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, ariko amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y'amazi yiburuka azana ubugingo budashira." 15 Uwo mugore aramubwira ati: "Mugenzi, mpa rero ayo mazi, sinzogire inyota, kandi sinzogaruka kuvoma ino hose." 16 Yesu aramubwira ati: "Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino." 17 Uwo mugore aramwishura ati: "Nta mugabo mfise." Yesu aramubwira ati: "Uvuze ko, ko ugize ngo nta mugabo ufise, 18 kuko wari ufise abagabo batanu, ariko uwo ufise ubu si umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri." 19 Uno mugore aramubwira ati: "Mugenzi, ndabona ko uri umuntu avugishwa n'Imana. 20 Ba sogokuruza bacu basengera kuri uwo musozi, ariko mweho mugira ngo i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa. 21 Yesu aramubwira ati: "Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kuri uwo musozi canke i Yerusalemu muzosengera Data. 22 Mwebwe musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda. 23 Ariko igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b'ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze batyo. 24 Imana ni Mpwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri." 25 Nya mugore aramubwira ati: "Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo aho azozira ni we azoduserurira vyose." 26 Yesu aramubwira ati: "Ni jewe nyene turiko turavugana." 27 Buno abigishwa biwe barashika, batangazwa n'uko avugana n'umugore; ariko nta wavuze ati: "Urondera iki? Canke ngo Muvuganira na we iki?" 28 Maze uno mugore asiga umubindi wiwe hano, asubira mu gisagara, abwira abantu 29 ati: "Ni muze murabe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose; namba ari we Kristo?" 30 Bava mu gisagara ngo bamusange iyo ari. 31 Batarashika, abigishwa baramwinginga bati: "Mwigisha, ehe fungura." 32 Arabishura ati: "Jewe mfise ivyo kurya mwebwe mutazi." 33 Abigishwa barabazanya bati: "Mbega hari uwamuzaniye ivyo kurya?" 34 Yesu arababwira ati: "Indya zanje ni ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe." 35 Mbega mwebwe ntimuvuga ngo hasigaye amezi ane iyimbura rikagera? Ehe ndababwire, ni mwunamure amaso yanyu murabe imirima ireze igeze kwimbura. 36 Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira; kugira ngo uwubiba n'uwimbura banezeranwe. 37 Kuko muri ivyo ari ho iri jambo rimenyekanira ko ari iryo ukuri, ngo Habiba umwe, hakimbura uwundi. 38 Nabatumye kwimbura ibitabatamije; abandi baratamye, namwe mwashikiye mu vy'ubutame bwabo. 39 Benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara bamwizera ku bwo amajambo ya wa mugore, yavuze ashinga intahe ati: "Ambariye ivyo nakoze vyose." 40 Maze Abasamariya baje aho ari, baramwinginga ngo agume i wabo; asibirayo kabiri. 41 Hizera abandi benshi baruta aba mbere, kuko biyumviye ijambo ryiwe; 42 maze babwira uwo mugore bati: "Ubu ho ntitwizeye ku bwo amajambo yawe gusa, kuko natwe twiyumviye kandi tumenye ko uwu ari Umukiza w'isi vy'ukuri." 43 Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya. 44 Kandi Yesu ubwiwe yashinze intahe yuko umuntu avugishwa n'Imana atagira icubahiro mu ntara y'i wabo. 45 Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira, kuko babonye ivyo yakoreye i Yerusalemu vyose muri ya misi mikuru, kuko na bo bari bagiyeyo mu misi mikuru. 46 Maze asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika umuvinyu. Hari umutware atwarira umwami, umwana wiwe w'umuhungu yari arwariye i Kaperinawumu; 47 uwo yumvise ko Yesu avuye i Yudaya ashitse i Galilaya, aza kuri we, aramwinginga ngo amanuke gukiza umwana wiwe, kuko yari ku mpfiro. 48 Yesu aramubwira ati: "Iyo mutabonye ibimenyetso n'ibitangaza nta ho mwizera na mba." 49 Uwo mutware ati: "Mugenzi, ngwino se umanuke umwana wanje atarapfa." 50 Yesu aramubarira ati: "Ni wigire, umwana wawe ni muzima." Uwo muntu yizera ijambo Yesu amubwiye, aragenda. 51 Ariko aramanuka abantu biwe baramusanganira bati: "Umwana wawe ni muzima." 52 Abasiguza cane igihe yatanguye kworoherwa. Baramubwira bati: "Ejo, kw'isaha indwi, ni ho umururumbo wamuvuyeko." 53 Maze se aca amenya ko hari muri nya saha nyene Yesu yamubwiriyemwo ati: "Umwana wawe ni muzima." Arizera ubwiwe n'abo mu rugo rwiwe bose. 54 Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.

5

1 Hanyuma y'ivyo haba imisi mikuru y'Abayuda; Yesu aduga i Yerusalemu. 2 Kandi i Yerusalemu hafi y'irembo ry'intama, hari ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, cariko amabaraza atanu. 3 Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n'impumyi, n'abacumbagira, n'abanyunyutse. Bari barorereye ko amazi azikuruka. 4 Kuko rimwerimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazikurura amazi. Maze uwitangiye gutambukiramwo, amazi azikurutse, ni we yakira indwara yamufashe iyo ari yo yose. 5 Hariho umuntu yarafise indwara ayimaranye imyaka mirongo itatu n'umunani. 6 Yesu amubonye aryamyeho, kandi amenye ko amaze igihe kirekire, aramubaza ati: "Wumva ugomba gukira?" 7 Uno arwaye aramwishura ati: "Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikira mu kidengeri iyo amazi azikurutse; kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo." 8 Yesu aramubwira ati: "Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende." 9 Buno nyene uwo muntu arakira, yikorera ikirago ciwe, aragenda. Ariko uwo musi hari kw'isabato. 10 Nuko Abayuda babwira uwakijijwe bati: "Erega ni kw'isabato, ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe." 11 Na we arabishura ati: "Uwankijije ni we yambariye ati: 'Ikorere ikirago cawe, ugende.'" 12 Baramubaza bati: "Uwo muntu ni nde yakubariye ngo ikorere ugende?" " 13 Ariko uwakijijwe ntiyari azi uwo ari we, kuko Yesu yaciye yigira, kuko aho hantu hari abantu benshi. 14 Hanyuma y'ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubwira ati: " "Raba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuzobone ibiruta ivya mbere." 15 Uno muntu aragenda, abwira Abayuda ko ari Yesu yamukijije. 16 Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw'isabato. 17 Yesu arababwira ati: "Data arakora kugeza n'ubu, nanje ndakora." 18 Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kuko atakengereye isabato gusa, ariko agatako akita Imana ko ari Se bwite, akiringaniza n'Imana. 19 Nuko Yesu asubira kubabwira ati: "Ni ukuri, ni ukuri ndababwire. Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kuko ivyo Se akora vyose n'Umwana aca abikora kuno. 20 Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivyo akora vyose ubwiwe, kandi azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebwe mutangare. 21 Nk'uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n'Umwana aha ubugingo abo agomba. 22 Kuko Se ata n'umwe acira urubanza, ariko imanza zose yazishikirije Umwana, 23 ngo bose bubahe Umwana nk'uko bubaha Se; uwutubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye." 24 Ni ukuri ndakubwire koko, Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rubanza, ariko aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo. 25 Ni ukuri ndakubwire koko. Igihe kiza, kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumvira ijwi ry'Umwana w'Imana, kandi abazoryumva bazoba bazima. 26 Nk'uko Se ari n'ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we. 27 Yamuhaye ububasha bwo guca imanza, kuko ari Umwana w'umuntu. 28 Ntimutangazwe n'ico; kuko igihe kija kuza, aho abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, 29 bakazivamwo; abakoze ivyiza bakazukira ubugingo, abakoze ibibi bakazukira gutsindwa n'urubanza. 30 Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kandi urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba. 31 Asangwa nishingira intahe, intahe yanje ntizoba ari iyo ukuri; 32 ariko hari Uwundi anshingira intahe, nanje nzi yuko intahe yiwe anshingira ari iyo ukuri. 33 Mwebwe mwatumye kuri Yohana, ashingira ukuri intahe, 34 mugabo jewe sindinda gushingirwa intahe n'umuntu; ariko ico mvugiye ivyo ni ukugira ngo mukizwe. 35 Uwo yari itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n'ukwaka kwiwe. 36 Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kuko ibikorwa Data yampaye ngo ndabiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye. 37 Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe, 38 bitayeko ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebwe, kuko uwo yatumye mutamwizeye. 39 Mwebwe murasoma mwitonze mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kandi ari vyo binshingira intahe, 40 ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo. 41 Singomba gushimwa n'abantu, 42 ariko mwebwe ndabazi yuko mutagira urukundo rw'Imana mu mitima yanyu. 43 Jewe naje mw'izina rya Data, ntimwanyakira, ni hagira uwundi aza mw'izina ryiwe ubwiwe, we muzomwakira. 44 Mwoshobora kwizera mute, ari mwebwe mwubahana, ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera? 45 Ntimugire ngo nzobarega kuri Data; hariho uwubarega, ni Mose uwo mwishimiye. 46 Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kuko ari ivyanje yanditse. 47 Ariko ni mutizera ivyo uwo yanditse, amajambo yanje muzoyizera mute?

6

1 Hanyuma y'ivyo Yesu avayo, yigira hakurya y'ikiyaga c'i Galilaya citwa Tiberiya. 2 Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye. 3 Yesu aduga umusozi, yicaranayo n'abigishwa biwe. 4 Kandi imisi mikuru ya Pasika y'Abayuda yari hafi. 5 Yesu yunamutse, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo ati: "Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?" 6 Icatumye avuga atyo kwari ukumugeza, kuko ubwiwe yari azi ico agira akore. 7 Filipo aramwishura ati: "Imitsima y'idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, naho umuntu wese yohabwa gatoya." 8 Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubwira 9 ati: "Hano hari umuhungu ari n'udutsima dutanu twa sayiri, n'udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangana uko?" 10 Yesu aravuga ati: "Ni mwicarike abantu." Kandi aho hantu hari ivyatsi vyinshi; nuko abantu baricara, igitigiri cabo cari nk'ibihumbi bitanu. 11 Maze Yesu yakira ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n'ifi na zo nk'uko bagomba. 12 Bamaze guhaga, abwira abigishwa biwe ati: "Ni mwegeranye utumanyagu tw'imisigazwa, ntihagire igipfa ubusa." 13 Baratwegeranya, buzuza ibiseke icumi na bibiri vy'utumanyagu twa ya mitsima itanu ya sayiri, utwo abariye bashigaje. 14 Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga bati: "Ni ukuri uwu ni wa muntu avugishwa n'Imana yari akwiye kuza mw'isi." 15 Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa. 16 Buhwibiriye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga, 17 batambukira mu bwato, bajabuka baja hakurya y'ikiyaga i Kaperinawumu. Bwateranye Yesu atarabashikira; 18 ikiyaga gitangura kuzungazunga, kuko umuyaga mwinshi uhuhuta. 19 Bamaze gusoza nka stadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, ariko aregera ubwato, na bo baratinya. 20 Maze arababwira ati: "Ni jewe, nta co mutinya." " 21 Bumva bakunze kumushira mu bwato, buno nyene buca bushika i musozi aho baja. 22 Bukeye bw'aho, rya shengero ryari rihagaze hakurya y'ikiyaga, rimenye ko ata bundi bwato bwariho atari bumwe, kandi yuko na Yesu atajanye n'abigishwa biwe mu bwato, ariko abigishwa biwe ni bo bari bijanye; 23 (mugabo hari amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu baririye imitsima ihezagiwe n'Umwami Yesu). 24 Nuko iryo shengero ribonye ko Yesu atari ho ari, n'abigishwa biwe na bo ari uko, rija muri ubwo bwato na bwo, rijabuka i Kaperinawumu rirondera Yesu." 25 Bamubonye hakurya y'ikiyaga baramubaza bati: "Mwigisha, waje ino ryari?" 26 Yesu arabishura ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire. Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko ni uko mwariye kuri ya mitsima, mugahaga. 27 Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w'umuntu azobaha, kuko ari we Imana Data yashizeko ikimenyetso. 28 Baramubaza bati: "Tugire dute ngo dukore ibikorwa vy'Imana?" 29 Yesu na we arabishura ati: "Igikorwa c'Imana ngiki: ni uko mwizera uwo yatumye." 30 Nuko baramubaza bati: "None ukora ikimenyetso ki, ngo tukirabe tukwizere? Ukora ikimeze gite? 31 Ba sogokuruza bacu barira manu mu bugaragwa, nk'uko vyanditswe ngo Yabahaye umutsima wo kurya uvuye mw'ijuru." 32 Yesu arababwira ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire; Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw'ijuru; Data ni we abaha umutsima w'ukuri uvuye mw'ijuru. 33 Kuko umutsima w'Imana ari uwumanuka uva mw'ijuru, ugaha abari mw'isi ubugingo. 34 Baramubwira bati: "Mugenzi, na ntaryo uzohore uduha uwo mutsima." 35 Yesu arababwira ati: "Ni jewe mutsima w'ubugingo, uwuza kuri jewe ntazosonza na mba, kandi uwunyizera nta ho azogira inyota na mba. 36 Ariko narababwiye yuko mwambonye, muraheza ntimwizera. 37 Ico Data ampa cose kiranshikira, kandi uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya. 38 Kuko ntakuwe mw'ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye agomba. 39 Kandi ico uwantumye agomba ngiki; agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nzokizure ku musi w'iherezo. 40 Kuko iki ari co Data agomba, agomba yuko uwubona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w'iherezo. 41 Buno Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze ati: "Ni jewe mutsima wamanutse uva mw'ijuru." 42 Bati: "Uwu si we Yesu umwana wa Yosefu? Na se na nyina turabazi; none avuga ate ngo Namanutse mva mw'ijuru?" 43 Yesu arabishura ati: "Nta co mugira imyidodombo muri mwebwe. 44 Nta n'umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w'iherezo." 45 Mu majambo y'abavugishwa n'Imana handitswe ko bose bazoba abigishijwe n'Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe. 46 Si ukugira ngo hari uwabonye Data, atari uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data. 47 Ni ukuri ndakubwire koko; Uwizera afise ubugingo budashira. 48 Ni jewe mutsima w'ubugingo. 49 Ba sogokuruza banyu barira manu mu bugaragwa, barapfa, 50 uwu ni wo mutsima umanuka uva mw'ijuru, ngo umuntu awuryako ntapfe. 51 Ni jewe mutsima w'ubugingo wamanutse uvuye mw'ijuru; ni hagira uwurya kuri uwo mutsima azohoraho ibihe bidashira, kandi umutsima nzobaha n'umubiri wanje, utangirwa abari mw'isi ngo bagire ubugingo. 52 Abayuda batanako ibirake bati: "Uwu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?" 53 Yesu arababwira ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire; Ni mutarya umubiri w'Umwana w'umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebwe." 54 Uwurya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubugingo budashira, nanje nzomuzura ku musi w'iherezo. 55 Kuko umubiri wanje ari ico kurya c'ukuri, n'amaraso yanje ari ico kunywa c'ukuri. 56 Uwurya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, aguma muri jewe, nanje nkaguma muri we. 57 Nk'uko Data w'ubugingo yantumye, nanje ndiho kubwa Data, ni ko uwundya na we azobaho kubwanje. 58 Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw'ijuru, si nk'uwo ba sogokuruza banyu bariye, ariko bagapfa; uwurya uwo mutsima azohoraho ibihe bidashira. 59 Ivyo yabivugiye mu rusengero rw'Abayuda yigisha i Kaperinawumu. 60 Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga bati: "Iryo jambo riragoye, hari uworyumva akarishobora?" 61 Yesu amenye mu mutima ko abigishwa biwe bidodombera ivyo, arababaza ati: "Mbega ivyo birabatsitaje?" 62 None bizomera bite ni mwabona Umwana w'umuntu aduga aja iyo yahora ubwa mbere? 63 Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze; amajambo ndababwiye ni impwemu n'ubugingo. 64 Ariko muri mwebwe hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubwa mbere azi abatizera abo ari bo, n'uwuzomugura uwo ari we. 65 Kandi aravuga ati: "Ni co catumye ndababwira ko ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data." 66 Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibaba bakijana na we. 67 Yesu abaza bamwe icumi na babiri ati: "Mbega namwe muragomba kwigira?" 68 Simoni Petero aramwishura ati: "Tuje kwa nde ga Mwigisha? Ko ari wewe ufise amajambo y'ubugingo budashira, 69 natwe twarizeye, tumenya yuko wewe uri Uwera w'Imana." 70 Yesu aramwishura ati: "Mbega si jewe nabatoranije uko muri icumi na babiri?"Ariko umwe muri mwebwe ni umwansi." 71 Yavuga Yuda Isikaryota, umwana wa Simoni, kuko ari we yagira azomugure, yari uwo muri bamwe icumi na babiri.

7

1 Hanyuma y'ivyo Yesu agendagenda i Galilaya; ntiyashaka kugendagenda i Yudaya kuko Abayuda barondera ingene bomwica. 2 Imisi mikuru y'Abayuda yitwa iyo Amahema yariko irashika. 3 Nuko abavukanyi biwe baramubwira bati: "Ni uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barabe ibikorwa ukora; 4 kuko ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngo arondere kumenyekana. Ko ukora ivyo, ni wiserure mu b'isi." 5 Kuko n'abavukanyi biwe na bo batamwizera. 6 Maze Yesu arabishura ati: "Igihe canje ntikiragera, ariko igihe canyu co, cama kiriho. 7 Abo isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko ndabavugira ibikorwa vyabo ko ari bibi. 8 Mwebwe ni muduge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidugako, kuko igihe canje kitaragera. 9 Ababwiye ivyo, aguma i Galilaya. 10 Abavukanyi biwe bamaze kuduga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we araduga, ntiyiyerekana, ariko agenda mu mpisho. 11 Maze Abayuda bamurondera muri iyo misi mikuru bati: "Mbega wa wundi ari hehe?" 12 Haba ivyongoshwe vyinshi mw'ishengero bamuvuga, bamwe bati: "Ni umuntu mwiza," abandi bati: "'Oya, arazimiza abantu.'" 13 Ariko nta n'umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda. 14 Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu aduga mu rusengero, arigisha. 15 Abayuda baratangara bati: "Mbega uwu yakuye ubwenge hehe, atigishijwe?" 16 Maze Yesu arabishura ati: "Izi nyigisho zanje si izanje, ni izo uwantumye. 17 Ni haba hari uwugomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko ndabivuga ndavyigeneye. 18 Uwuvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; ariko uwurondera icubahiro c'uwamutumye, ni we w'ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we. 19 Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebwe nta n'umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?" 20 Ishengero riramwishura riti: "Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica?" 21 Yesu arabishura ati: "Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara." 22 Mose yabahaye guhimbura igikoba c'ubugabo mugabo ntikwavuye kuri Mose, ni kuri ba sogokuruza banyu kandi muhimbura igikoba c'ubugabo umuntu kw'isabato. 23 None se, ko umuntu ahimburwa igikoba c'ubugabo kw'isabato, kugira ngo icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpora iki ko kw'isabato nakijije umuntu akwiye? 24 Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z'ukuri. 25 Bamwe mu b'i Yerusalemu baravuga bati: "Mbega uwo Si we bashaka kwica?" 26 Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubwira. Mbega harya abakuru bemeye vy'ukuri ko uyo ari we Kristo? 27 Uwo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo aho azozira, nta wuzi aho azoturuka. 28 Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero ati: "Jewe muranzi, n'aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, ariko uwantumye n'uwo ukuri, mwebwe ntimumuzi; 29 jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kandi ari we yantumye." 30 Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira uwumukozako n'intoke, kuko igihe ciwe kitaribwagere. 31 Benshi mw'ishengero baramwizera baravuga bati: "Kristo ni yaza, mugira ngo azokora ibitangaza vyinshi birengeye ivyo uwu akora?" 32 Abafarisayo bumvise ko ishengero rimuvugavuganako ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n'Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata. 33 Maze Yesu aravuga ati: "Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, hanyuma nkaja ku wantumye. 34 Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo." 35 Maze Abayuda baravugana bati: "Mbega uwo agira aje hehe, aho twebwe tutazoshobora kumubona? Agira aje mu basabagiriye mu Bagiriki, ngo azokwigishe Abagiriki? 36 Mbega iryo jambo atubwiye ni iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngo iyo nzoba ndi mwebwe ntimuzoshobora gushikayo?" 37 Nuko ku musi uherukira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera ati: "Namba hari uwufise inyota, ni aze kuri jewe, anywe. 38 Uwunyizera, inzuzi z'amazi y'ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk'uko ivyanditswe bivuga." 39 Ariko ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bagira bahabwe; kuko Mpwemu ataribwatangwe, kuko Yesu ataribwashike mu bwiza bwiwe. 40 Bamwe mw'ishengero bumvise ayo majambo bati: "Ni ukuri uwu ni wa muntu avugishwa n'Imana." 41 Abandi bati: "Uwu ni we Kristo. Abandi bati: "Oya, mbega Kristo yova i Galilaya? 42 Mbega icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?" 43 Ishengero riramupfa, 44 bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko ntihagira n'umwe amukozako n'intoke. 45 Nuko ba bagendanyi basubira ku baherezi bakuru n'Abafarisayo, na bo barababaza bati: "Ko mutamuzanye?" 46 Abagendanyi barabishura bati: "Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we." 47 Abafarisayo barababaza bati: "Mbega namwe mwajimijwe? 48 Hari umukuru n'umwe yamwizeye, canke Umufarisayo?" 49 Ariko abo bantu batazi ivyagezwe ni ibivume. 50 Nikodemu, umwe yaza kuri we mbere, yari umwe muri bo, arababaza 51 ati: "Mbega ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze?" 52 Baramwishura bati: "Mbega nawe uri uwo i Galilaya? Soma witonze urabe yuko hari uwuvugishwa n'Imana yova i Galilaya." 53 Bose baca baritahira.

8

1 Yesu aja ku musozi wa Elayono. 2 Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza aho ari, aricara arabigisha. 3 Abahinga b'ivyanditswe bo n'Abafarisayo bamuzanira umugore, afashwe asambana, bamushira hagati, 4 baramubwira bati: "Mwigisha, uwu mugore bamuturumbukiyeko ariko arasambana. 5 Kandi Mose mu vyagezwe yatugeze kwicisha amabuye bene abo. None weho uvuga iki?" 6 Ariko ivyo babivuga ari ukumugeza, ngo bamukureko urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi. 7 Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababwira ati: "Uwutagira icaha muri mwebwe ni abe ari we abanza kumutera ibuye." 8 Asubira kwunama yandika hasi. 9 Na bo bavyumvise basohoka isorosoro, uhereye k'uwukuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yari ahagaze hagati. 10 Yesu yunamutse aramubaza ati: "Yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n'umwe aguciriye urubanza?" 11 Na we ati: "Nta n'umwe, Mugenzi." Yesu aramubwira ati: "Nanje singucira urubanza." Ni wigire, guhera ubu ntuzosubire gukora icaha. 12 Yesu yongera kubabwira ati: "Jewe ndi umuco w'isi, uwunkurikira nta ho azogenda mu mwiza, ariko azogira umuco w'ubugingo." 13 Abafarisayo baramubwira bati: "Erega urishingira intahe, intahe yawe si iyo ukuri." 14 Yesu arabishura ati: "Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje ni iyo ukuri, kuko nzi iyo navuye, n'iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye canke iyo nja. 15 Mwebwe muca urubanza nk'abantu, jeho nta n'umwe ncira urubanza. 16 Kandi naho jewe noca urubanza, urubanza rwanje rwoba urwo ukuri, kuko ntari jenyene, ndi kumwe na Data yantumye. 17 Kandi no mu vyagezwe vyanyu handitswe ko intahe ishinzwe n'abantu babiri ari iyo ukuri. 18 Jewe ndi uwishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe na we." 19 Na bo baramubaza bati: "So ari hehe?" Yesu arabishura ati: "Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi." 20 Ayo majambo yayavugiye mw'iyakiriro ry'amashikanwa, ariko arigisha mu rusengero; kandi nta n'umwe yamufashe, kuko igihe ciwe kitaribwashike. 21 Nuko yongera kubabwira ati: "Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu; jewe iyo nja mwebwe ntimuzoshobora gushikayo." 22 Abayuda barabazanya bati: "Mbega azokwiyahura, ko agize ngo iyo aja ntituzoshobora gushikayo?" 23 Na we arababwira ati: "Mwebwe mwamutse hasi, jeho namutse iyo hejuru; mwebwe muri abo iyi si, jeho sindi uwo iyi Si. 24 Ico ni co gitumye ndababwira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu." 25 Nuko baramubaza bati: "Uri nde, wewe?" Yesu arabishura ati: "Ndi ico nababwiye uhereye ubwa mbere. 26 Ndafise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kandi uwantumye ni uwo ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw'isi." 27 Ariko bo ntibamenya yuko ababwiye Se. 28 Nuko Yesu arababwira ati: "Aho muzomanikira Umwana w'umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi ko ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko ndabivuga. 29 Kandi uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara." 30 Avuze ivyo, benshi baramwizera. 31 Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwemeye ati: "Ni mwaguma mw'ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy'ukuri; 32 kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya." 33 Baramwishura bati: "Turi uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n'umwe; none uvuga ute ngo tuzohabwa kwidegemvya?" 34 Yesu arabishura ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire, uwukora icaha wese ni umuja w'icaha. 35 Umushumba ntiyama ahangamye mu muryango, ariko umwana we yama ahangamye. 36 Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri. 37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebwe. 38 Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so." 39 Baramwishura bati: "Aburahamu ni we data." Yesu arabishura ati: "Iyo muba mu bana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk'ivya Aburahamu. 40 Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivyo ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize atyo. 41 Mukora ibikorwa nk'ivya so. Baramubwira bati: "Twebwe ntituri ibivyarwa, dufise Data umwe, ni Imana." 42 Yesu arababwira ati: "Iyo Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye. 43 Ni igiki gituma mutamenya imvugo yanje? Ni uko mudashobora kwumva ijambo ryanje. 44 Mwebwe muri aba so wa mugarariji, kandi ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye mu ntango ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kuko ari umunyabinyoma, kandi ari we se wavyo. 45 Ariko jeho, kuko mvuga ivyo ukuri, ntimunyemera. 46 Ni nde muri mwebwe yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, ni igiki gituma mutanyemera? 47 Uwo Imana yumva amajambo y'Imana; mwebwe igituma mutumva, ni uko mutari abo Imana." 48 Abayuda baramwishura bati: "None se ntitwavuze ukuri ko uri Umusamariya, kandi ko urimwo dayimoni?" 49 Yesu arabishura ati: "Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha. 50 Jewe sinironderera icubahiro, hariho uwukindonderera, kandi ni we Gahinyuza. 51 Ni ukuri ndakubwire koko, ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira." 52 Abayuda baramubwira bati: "Noneho turamenye ko urimwo dayimoni." Aburahamu yarapfuye, n'abavugishwa n' Imana ni uko, ariko wewe uvuze uti: "Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu." 53 Mbega uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n'abavugishwa ni Imana na bo bakaba barapfuye, wiyita nde?" 54 Yesu arabishura ati: "Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ari ico ubusa; uwumpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n'Imana yanyu, 55 yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe; ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe." 56 Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa." 57 Nuko rero Abayuda baramubwira bati: "Ube utaramara imyaka mirongo itanu, ngo warabonye Aburahamu?" 58 Yesu arababwira ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire, Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho." 59 Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.

9

1 Ariko arahita, abona umuntu yavutse ari impumyi. 2 Abigishwa biwe baramubaza bati: "Mwigisha, ni nde yakoze icaha, ni uwo, canke ni abavyeyi biwe, ko yavutse ari impumyi?" 3 Yesu arabishura ati: "Uwu ntiyakoze icaha, kandi si abavyeyi biwe, ariko ni ukugira ngo ibikorwa vy'Imana bibonekere kuri we." 4 Twebwe dukwiye gukora ibikorwa vy'uwantumye hakibona; buhava bwira, ata wugishobora gukora. 5 Nkiri mw'isi, ndi umuco w'isi." 6 Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusiga utwo twondo ku maso; 7 aramubarira ati: "Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nuko aragenda ariyuhagira, agaruka abona. 8 Nuko ababanyi biwe, n'abahora bamubona ko ari umusezi, barabazanya bati: "Mbega uwu si we yahora yicaye asegerereza?" 9 Abandi bati: "Ni we;" abandi bati: "Oya, ni uwo basa." Na we arababwira ati: "Ni jewe." 10 Nuko baramubaza bati: "Mbega none amaso yawe yahumutse ate?" 11 Na we arabishura ati: "Wa muntu yitwa Yesu yavurunze utwondo, atunsiga ku maso, arambwira ko nja kuri Silowamu kwiyuhagira; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumuka." 12 Baramubaza bati: "Ari hehe?" Ati: "Sindahazi." 13 Umwe yahora ari impumyi bamujana ku Bafarisayo. 14 Kandi uwo musi wari isabato, Yesu yavurunzeko utwondo, agahumura amaso yiwe. 15 Abafarisayo basubira kumubaza ingene yahumutse, na we arababwira ati: "Yansize utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumuka." 16 Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: "Uwo muntu ntava ku Mana, kuko ataziririza isabato." Abandi bati: "Mbega umuntu w'umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana bityo?" Baramupfa. 17 Basubira kubaza umwe yahora ari impumyi bati: "Weho uvuga ko ari iki, kuko yaguhumuye amaso?" Na we ati: "Ni uwuvugishwa n'Imana." 18 Maze Abayuda ntibemera ivyo uwo, yuko yamye ari impumyi, agaheza agahumuka, kugeza aho bahamagariye abavyeyi b'uwahumutse, 19 barababaza bati: "Mbega uwu ni umwana wanyu, mwebwe muvuga ko yavutse ari impumyi? None yahumutse ate?" 20 Abavyeyi biwe barabishura bati: "Uwu turazi ko ari umwana wacu, kandi ko yavutse ari impumyi; 21 ariko icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n'uwamuhumuye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, ni umugabo, arivugira." 22 Abavyeyi biwe bavugiye ivyo, kuko batinya Abayuda, kuko Abayuda bari bamaze kuja ingingo, ngo umuntu wese azokwatura Yesu ko ari Kristo acibwe mu rusengero rwabo. 23 Ni co catumye abavyeyi biwe bavuga bati: "Ni umugabo, ni mumwibarize." 24 Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ari impumyi, baramubwira bati: "Ni wubahe Imana, twebwe tuzi yuko uwo muntu ari umunyavyaha." 25 Na we arabishura ati: "Namba ari umunyavyaha sindabizi: ico nzi ni kimwe, ni uko nari impumyi, none nkaba mbona." 26 Baramubaza bati: "Yakugiriye ate? Yahumuye amaso yawe ate?" 27 Arabishura ati: "Namaze kubibabwira ariko ntimwavyumvise. Mugombera iki gusubira kuvyumva? Mbega namwe mugomba kuba abigishwa biwe?" 28 Baramutuka bati: "Ni wewe wenyene uri umwigishwa wiwe, nayo tweho turi abigishwa ba Mose. 29 Twebwe tuzi yuko Imana yavuganye na Mose, ariko uwo ntituzi aho aturuka." 30 Wa muntu arabishura ati: "Erega biratangaje kwumva ko mutazi aho aturuka, kandi ari we yahumuye amaso yanje. 31 Turazi ko Imana itumviriza abanyavyaha, ariko uwuyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza. 32 Uhereye kera hose ntihumvikanye ko hari umuntu yahumuye amaso y'uwavutse ari impumyi. 33 Iyaba uwo atavuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora." 34 Baramwishura bati: "Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha?" Bamuhindira hanze. 35 Yesu yumvise ko bamuhindiye hanze, aja kumuraba, aramubaza ati: "Mbega wizeye Umwana w'Imana?" 36 Na we aramwishura ati: "Ni nde ga Mugenzi, nkamwizera?" 37 Yesu aramubwira ati: "Wamubonye, kandi ni we muriko muravugana." 38 Na we ati: "Ndizeye, Mwami." Araheza aramupfukamira. 39 Yesu aravuga ati: "Naje muri iyi si kuba agahinyuza, ngo abatabona babone, n'ababona babe impumyi." 40 Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we bumvise ivyo bati: "Mbega natwe turi impumyi?" 41 Yesu arababwira ati: "Iyo muba mwari impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti: 'Turabona, icaha canyu camaho."

10

1 Ni ukuri ni ukuri ndababwire, uwudaca mw'irembo ry'urugo rw'intama, ariko akuririra ahandi, uwo aba ari igisuma n'umwambuzi. 2 Ariko uwuca mw'irembo ni we mwungere w'intama. 3 Umurarizi w'irembo aramwugururira, kandi intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa. 4 Kandi iyo amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe. 5 Ariko uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y'abandi. 6 Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababwira ivyo ari vyo. 7 Nuko Yesu yongera kubabwira ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire, ni jewe rembo ry'intama." 8 Abanyitangiye imbere bose bari ibisuma n'abambuzi, ariko intama ntizabumviye. 9 Ni jewe rembo, kandi uwushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka ubwatsi butotahaye. 10 Igisuma ntikizanwa n'ikindi, atari ukwiba, ukwica n'ugutikiza; nayo jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse. 11 Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe. 12 Ariko umucangero, atari umwungere bwite, n'intama ntizibe iziwe, iyo abonye ibingira rije, ata intama, agahunga, ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza. 13 Arahunga, kuko ari umucangero, atababaye intama. 14 Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n'izanje ziranzi, 15 nk'uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje. 16 Kandi mfise n'izindi ntama zitari izo muri uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n'umwungere umwe. 17 Igituma Data ankunda, ni uko ndekura ubugingo bwanje, ngo mpeze nsubire kubwakira. 18 Nta n'umwe abunyaka, kuko ndaburekura kubwanje; mfise ububasha bwo kuburekura, mfise n'ububasha bwo gusubira kubwakira. Ico ni co cagezwe nahawe na Data." 19 Abayuda bongera kumupfa kubwo ayo majambo, 20 benshi muri bo bati: "Arimwo dayimoni, kandi yasaze; mumwumviririza iki?" 21 Abandi bati: "Erega ayo majambo si nk' ayo uwuhagazweko na dayimoni; mbega dayimoni arashobora guhumura amaso y'impumyi?" 22 Maze haza imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw'urusengero i Yerusalemu, hari mu rushana. 23 Yesu agendagenda mu rusengero mw'ibaraza rya Salomo. 24 Abayuda baramukikiza, baramubaza bati: "Mbega uzotujuragiza kugeza ryari?" Asangwa uri Kristo bidufoborere. 25 Yesu arabishura ati: "Narababwiye, ariko ntimwizera. Ibikorwa nkora mw'izina rya Data, ni vyo binshingira intahe. 26 Ariko ntimwizera, kuko mutari abo mu ntama zanje. 27 Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira, 28 kandi nanje ndabaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje. 29 Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data. 30 Jewe na Data turi umwe." 31 Buno Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere. 32 Yesu arababwira ati: "Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibatuma kuntera amabuye muri ivyo bikorwa ni ikihe?" 33 Abayuda baramwishura bati: "Ntituguterera amabuye ku bwo igikorwa ciza, ariko ni kuko watyojeje Imana; kuko wewe uri umuntu ukigira Imana." 34 Yesu arabishura ati: "Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ko navuze nko muri imana?" 35 None ko yabise imana, bamwe ijambo ry'Imana ryashitseko (kandi ivyanditswe ntibishobora guhinduka), 36 mwebwe mubwira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw'isi, ko atyojeje Imana, kuko navuze nti: "Ndi Umwana w' Imana? 37 Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere; 38 ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data. 39 Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko. 40 Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubwa mbere, agumayo. 41 Benshi baza kuri we; baravuga bati: "Yohana nta kimenyetso yakoze, ariko ivyo Yohana yavuze vyose kuri uwo vyari ivyo ukuri." 42 Kandi benshi bamwizererayo.

11

1 Hariho uwari arwaye, ni Lazaro w'i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita babako. 2 Uwo Mariya ni we yasize Umwami Yesu amavuta amota cane ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uwo Lazaro yari arwaye ni we musaza we. 3 Bashiki biwe batuma kuri Yesu bati: "Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye." 4 Yesu avyumvise aravuga ati: "Iyo ndwara si iyo kumwica, ariko ni iyo gutuma bashimagiza Imana, kugira ngo n'Umwana w'Imana itume ashemagizwa." 5 Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro. 6 Nuko yumvise ko arwaye, asibira aho hantu yari ari imisi ibiri. 7 Hanyuma y'ivyo abwira abigishwa biwe ati: "Dusubire i Yudaya." 8 Abigishwa baramubwira bati: "Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, none usubireyo?" 9 Yesu arabishura ati: "None isaha z'umurango si icumi na zibiri? Uwugenda ku murango ntatsitara, kuko abona umuco w'iyi si. 10 Ariko uwugenda mw'ijoro aratsitara, kuko umuco utari muri we." 11 Amaze kuvuga ivyo, arababwira ati: "Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura." 12 Nuko abigishwa baramubwira bati: "Mugenzi, asangwa asinziriye, azokira." 13 Yamara Yesu yavuga ko yapfuye, ariko bo bagira ngo avuga kuruhuka kwo gusinzira. 14 Buno Yesu avuga abifoboye ati: "Lazaro yahwereye; 15 ariko kubwanyu ndanezerewe ko ntariyo, kugira ngo muzokwizere; noneho ni muze tuje iyo ari." 16 Toma ari we Hasa abwira abigishwa bagenzi biwe ati: "Ingo tugende, dupfane na Yesu." 17 Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva. 18 I Betaniya hari hafi y'i Yerusalemu nka stadiyo icumi na zitanu. 19 Nuko Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya ku bagarukirako kuko musaza wabo yapfuye. 20 Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu. 21 Marita abwira Yesu ati: "Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye." 22 Kandi n'ubu ndazi ko ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha. 23 Yesu aramubwira ati: "Musazawe azozuka." 24 Marita aramwishura ati: "Ndazi ko azozuka mw'izuka ryo ku musi w'iherezo." 25 Yesu aramubwira ati: "Ni jewe kuzuka n'ubugingo. Uwunyizera n'iyo yoba yarapfuye, azobaho; 26 kandi uwuriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?" 27 Na we ati: "Ego me Mugenzi, nizeye ko uri Kristo, Umwana w'Imana, umwe wo kuza mw'isi." 28 Avuze ivyo, asubira inyuma, yongorera Mariya, mwene nyina ati: "Umwigisha ari hano, araguhamagaje." 29 Na we avyumvise, ava hasi ningoga, aja aho ari. 30 Yesu ntiyari bwashike muri iyo mihana, ariko yari akiri ha handi aho Marita yamusanganiriye. 31 Buno Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamugandariye, babonye avuye hasi ningoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva. 32 Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe ati: "Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye." 33 Yesu abonye ko arira, n'Abayuda bari kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, biranka, 34 arababaza ati: "Mwamuhamvye hehe?" Bati: "Mugenzi, ngwino urabe." 35 Yesu ararira. 36 Abayuda baravuga bati: "Ehe ingene yamukunda." 37 Ariko bamwe muri bo baravuga bati: "Mbega uwo yahumuye amaso y'impumyi, ntiyoshoboye kubuza uwo ngo ntapfe?" 38 Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yari isenga yugajwe ikibuye. 39 Yesu aravuga ati: "Ni mukureho iryo buye." Marita mushiki w'uwapfuye, aramubwira ati: "Mugenzi, erega ubu aramaze kunuka, ko amaze imisi ine." 40 Yesu aramubwira ati: "Sinakubwiye ko ni wizera ubona ubwiza bw'Imana?" 41 Nuko bakuraho ikibuye. Buno Yesu ararangamiza ati: "Data, ndagushima ko wanyumvirije. 42 Jewe nari nsanzwe nzi ko unyumviriza ubudasiba, ariko ndabivugishijwe n'ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye." 43 Amaze kuvuga ivyo, asemerera n'ijwi rirenga ati: "Lazaro, ngwino, sohoka." 44 Uwari yapfuye arasohoka, azingiriweko impuzu ku maguru no ku maboko, n'igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababwira ati: "Ni mumuhamburure, mumureke, agende." " 45 Nuko benshi muri abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera, 46 ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababwira ivyo Yesu akoze. 47 Nuko abaherezi bakuru n'Abafarisayo bakoranya inama nkuru y' abacamanza, barababaza bati: " "Mbega, tugire dute? Ko uwu muntu akora ibimenyetso vyinshi. 48 Ni twamurekeraho dutyo, bose bazohava bamwizera, kandi Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n'ubwoko bwacu." 49 Ariko umwe muri bo, ni Kayafa, yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, arababwira ati: "Mwebwe nta co muzi na mba, 50 kandi nta co mwiyumvira yuko ari ibibereye kubwanyu ko umuntu umwe apfira abantu, hako ubwoko bwose buhona." 51 Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubwo bwoko; 52 kandi si ubwo bwoko bwonyene, ariko ngo abana b'Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe. 53 Nuko bahera uwo musi baja inama yo kumwica. 54 Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, ariko avayo, aja mu gihugu kiri hafi y'ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n'abigishwa. 55 Maze Pasika y'Abayuda yariko irashika, benshi bava mu misozi, baduga i Yerusalemu ngo bihumanure, Pasika itarashika. 56 Maze barondera Yesu, babazanya bahagaze mu rusengero bati: "Mbega, mugira ngo iki? Ubwo ntazoza muri iyi misi mikuru?" 57 Kandi abaherezi bakuru n'Abafarisayo bari bashinze ngo uwomenya aho ari aharange, ngo bamufate.

12

1 Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho haba Lazaro yari yazuye mu bapfuye. 2 Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yari umwe wo mu bicaranye na we basangira. 3 Maze Mariya yakira ingero y'amavuta amota cane y'igiciro kinini cane, y'agati kitwa narada, ayasiga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kandi inzu yose itamiranamwo ayo mavuta. 4 Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira azomugure, aravuga 5 ati: "Ni igiki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabwe aboro?" 6 Ariko ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, ni uko yari umwivyi, agendana umupfuko, agasotora ku bibitswemwo. 7 Yesu aramubwira ati: "Ni umureke, kuko ivyo yabibikiye umusi wo guhambwa kwanje. 8 Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose." " 9 Ishengero ryinshi ry'Abayuda rimenye ko ari ho ari, baraza, mugabo ntihari kubwa Yesu gusa, ariko kwari ukugira ngo barabe na Lazaro yazuye mu bapfuye. 10 Ariko abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we, 11 kuko kubwiwe Abayuda benshi babavako bakizera Yesu. 12 Bukeye bw'aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu muri iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo, 13 bakira amashami y'ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera bati: " "Hoziyana; hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho, ni we Mwami w'Abisirayeli." 14 Kandi Yesu abonye inyana y'indogoba, ayicarako, nk'uko handitswe, 15 ngo Nta co utinya, mukobwa w'i Siyoni, raba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y'indogoba. 16 Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubwa mbere, ariko Yesu amaze guhabwa ubwiza bwiwe, ni ho bibutse ko ivyo yavyandikiwe, kandi ko ari vyo bamugiriye. 17 Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye. 18 Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso. 19 Ariko Abafarisayo bavugana muri bo bati: "Murabona ko ata co mumaze, raba isi yose yamukondoreye inyuma." 20 Hari Abagiriki bamwe, mu baduze gusenga mu misi mikuru, 21 bashikira Filipo w'i Betsayida i Galilaya, baramwinginga bati: "Mugenzi, turagomba kuraba Yesu." 22 Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu. 23 Yesu arabishura ati: "Igihe kirageze c'uko Umwana w'umuntu ahabwa ubwiza bwiwe. 24 Ni ukuri ni ukuri ndababwire; iyo agatete k'ingano kataguye mw'ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; ariko iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi. 25 Uwukunda ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwanka ubugingo bwiwe muri iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira. 26 Ni hagira uwunkorera, ni ankurikire, kandi aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba, ni hagira uwunkorera, Data azomuha icubahiro. 27 Umushaha wanje urahagaze; none mvuge iki? Ngire nti: "Data, ni unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike muri iki gihe. 28 Data, shimagiza izina ryawe." Maze ijwi riva mw'ijuru riti: "Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza." 29 Ishengero rihagazeho rivyumvise riti: "Ni umuturagaro." Abandi bati: "Ni umumarayika avuganye na we." 30 Yesu arabishura ati: "Iryo jwi ntirije kubwanje, ariko rije kubwanyu. 31 None ubu iyi si iciriweko urubanza, none ubu umutware w'iyi si agira ahindirwe hanze. 32 Nanje ni namanikwa hejuru y'isi, nzokwikwegerako bose." 33 Avuga ivyo ari ukubamenyesha urupfu agira apfe. 34 Ishengero riramwishura riti: "Twebwe twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohoraho ibihe bidashira. None uvuze ute ngo Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa? Mbega uwo Mwana w'umuntu ni nde?" 35 Yesu arababwira ati: "Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebwe; ni mugende mugifise umuco, umwiza ntubiriranireko." Uwugenda mu mwiza ntamenya iyo aja. 36 Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b'umuco. " Yesu amaze kuvuga ivyo, arigira, arabihisha. 37 Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingana uko imbere yabo, ntibarushe bamwizera, 38 ngo ijambo ry'uwavugishwa n'Imana Yesaya rishike,ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise?Kandi ukuboko kw'Uhoraho kwahishuriwe nde? " 39 Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga 40 ati: "Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima,Kugira ngo ntibaboneshe amaso, ngo batahurishe imitima,Bahindukire,Ngo ndabakize." 41 Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubwiza bwiwe, kandi ni we yavuzeko. 42 Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko ku bwo Abafarisayo ntibavyatura, kugira ngo ntibahimburwe igikoba c'ubugabo mu rusengero rw'Abayuda, 43 kuko bakunda icubahiro c'abantu kukirutisha icubahiro c' Imana. 44 Yesu arasemerera ati: "Uwunyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye; 45 uwumbonye aba abonye uwantumye. 46 Naje mw'isi ndi umuco, kugira ngo uwunyizera wese ntazogume mu mwiza. 47 Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucira urubanza; kuko ntazanywe no gucira urubanza isi, ariko nazanywe no gukiza isi. 48 Ariko uwungaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n'ikizomutsindisha, ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w'umuhero. 49 Kuko ivyo ntabivuze ndavyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n'ivyo nkwiye gusigura. 50 Kandi ndazi yuko ivyo yageze ari ubugingo budashira. Nuko ivyo mvuga, ndabivuga nk'uko Data yambariye."

13

1 Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye ko igihe ciwe gishitse co kuva mw'isi ngo aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw'isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero. 2 Bakiriko bararya ku mugoroba, wa mugarariji amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, umwana wa Simoni, 3 Yesu yari azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi ko agira asubire ku Mana, 4 ava hasi mw'iriro, akura umutamana, yakira icambazo, arakenyera; 5 araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy'abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje. 6 Nuko ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza ati: "Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?" 7 Yesu aramwishura ati: "Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu; ariko uzokimenya hanyuma." 8 Petero aramubwira ati: "Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose." Yesu aramwishura ati: "Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhuriye." 9 Simoni Petero aramubwira ati: "Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, ariko ushikane ku maboko no ku mutwe." 10 Yesu aramubwira ati: "Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atari ukwoga ibirenge, kuko aba akeye umubiri wose, namwe murakeye, ariko si mwese." " 11 Kuko yari azi uwuzomugura uwo ari we; ni co catumye avuga ati: "Ntimukeye mwese." 12 Nuko ahejeje kuboza ibirenge, yakira umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza ati: " "Mbega muramenye ico ndabagiriye? 13 Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kuko ari ko ndi. 14 Nuko rero, ko jewe ndabogeje ibirenge, ndi Shobuja n'Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge. 15 Kuko ndabahaye akarorero, kugira ngo nk'uko jewe ndabagiriye, mube ari ko namwe mugira. 16 Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umushumba ntaruta shebuja, kandi n'intumwa ntiruta uwayitumye. 17 Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora. 18 Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko ni ukugira ngo ivyanditswe bishike, ngo Uwurya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere. 19 Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngo aho bizobera, mwizere ko ndi we. 20 Ni ukuri ndababwire, uwakira uwo nzotuma azoba anyakiriye, uwunyakira aba yakiriye uwantumye." 21 Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye ati: "Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umwe muri mwebwe agira angure." 22 Abigishwa bararabana, bazazaniwe uwo avuze uwo ari we. 23 Hariho umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda. 24 Simoni Petero amuvunira akagohe ati: "Tubwire uwo avuze uwo ari we." 25 Uwo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza ati: "Ni nde ga Mugenzi?" 26 Yesu aramwishura ati: "Uwo nkorezamwo intore, nkayimuha, azoba ari we." Akojejemwo intore, arayikuramwo, ayihereza Yuda, umwana wa Simoni Isikaryota. 27 Hanyuma y'iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira ati: "Ico ukora, gikore ningoga." 28 Ariko muri abo bicaranye nta n'umwe yamenye ico abimubwiriye. 29 Ariko kuko Yuda ari we yarafise umupfuko, bamwe bagize ngo Yesu yamubwiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngo agire ico aha aboro. 30 Na we amaze kwakira intore, aca asohoka ako kanya, kandi hari mw'ijoro. 31 Nuko amaze gusohoka, Yesu aravuga ati: "Noneho Umwana w'umuntu arashimagijwe, kandi Imana ishimagirijwe muri we. 32 Kandi Imana, ko ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kandi izomushimagiza vuba. 33 Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk'uko nabwiye Abayuda nti: 'Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababwira namwe.' 34 Ndabaha icagezwe gishasha, ni mukundane; nk'uko nabakunze, mube ari ko namwe mukundana. 35 Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje." 36 Simoni Petero aramubaza ati: "Mugenzi, uja hehe?" Yesu aramwishura ati: "Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, ariko uzonkurikira hanyuma." 37 Petero aramubaza ati: "Mugenzi, ni igiki kimbuza kugukurikira n'ubu?" Erega nzonakwigura. 38 Yesu aramwishura ati: "Ugize ngo uzonyigura?" Ni ukuri ndakubwire koko, inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.

14

1 Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. 2 I muhira kwa Data hari inzu nyinshi, iyo ziba zitariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. 3 Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngo aho ndi namwe mube ari ho muba. 4 Kandi iyo nja murazi inzira ijayo. 5 Toma aramubwira ati: "Mugenzi, ntituzi iyo uja, dushobora dute kumenya inzira?" 6 Yesu aramubwira ati: "Ni jewe nzira, ukuri n'ubugingo; nta wushika kuri Data ntamujanye. 7 Iyo muba mwaramenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye. 8 Filipo aramubwira ati: "Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye." 9 Yesu aramubaza ati: "Mbega ko nabanye namwe igihe kingana gityo, nturakaruha umenya ga Filipo? Uwubonye jewe aba abonye Data; none uvuga ute ngo Twereke So?" 10 Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe. 11 Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera ku bwo ibikorwa ubwavyo. 12 Ni ukuri, ni ukuri ndababwire; uwunyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora, kandi azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data. 13 Kandi ico muzosaba cose mw'izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ashimagizwe mu Mwana. 14 Ni mwagira ico musaba mw'izina ryanje, nzogikora." 15 Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje, 16 nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngo azobane namwe ibihe bidashira, 17 ni we Mpwemu w'ukuri, uwo abo isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe. 18 Sinzobasiga nk'impfuvyi, nzoza kuri mwebwe. 19 Hasigaye igihe gito, abo isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho. 20 Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebwe. 21 Uwuri n'ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kandi uwunkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira. 22 Yuda (atari Isikaryota), aramubaza ati: "Mugenzi, bibaye bite, ko ugira wihishurire twebwe, ntiwihishurire abo isi?" 23 Yesu aramwishura ati: "Ni hagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we. 24 Uwutankunda ntiyitondera amajambo yanje, kandi ijambo mwumva si iryanje, ariko ni irya Data yantumye." 25 Ivyo ndabibabariye nkiri kumwe namwe, 26 ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw'izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyose. 27 Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho sindayabagabira nk'uko abo isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye. 28 Mwumvise ko nababwiye nti: "Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe ni uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta. 29 Nuko none ndabibabwiye bitaraba, ngo aho bizobera muzokwizere. 30 Sinkivugana namwe vyinshi, kuko umwami w'isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise; 31 ariko ni ukugira ngo abo isi bamenye ko nkunda Data, kandi uko Data yangeze ko ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende."

15

1 Jewe ndi umuzabibu w'ukuri, kandi Data ni nyene wo. 2 Ishami ryose ryo muri jewe ritama, arikuraho; kandi iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama. 3 N'ubu mwebwe mumaze kwezwa kubwo ijambo nababwiye. 4 Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk'uko ishami ritabasha kwama ubwaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. 5 Ni jewe muzabibu, namwe muri amashami; uwuguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kuko ata co mubasha gukora mutamfise. 6 Umuntu ni ataguma muri jewe atabwa nk'uko ishami ritererwa inyuma y'umurima w'inzabibu, akuma; maze bakayegeranya, bakayaterera mu muriro, agasha. 7 Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akabagumamwo, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. 8 Muri ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje." 9 Nk'uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze; ni mugume mu rukundo rwanje. 10 Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk'uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe. 11 Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo umunezero wanje ubabemwo, kandi n'umunezero wanyu wuzuzwe. 12 Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk'uko nabakunze. 13 Nta wogira urukundo ruruta urwo uko umuntu yigura abakunzi biwe. 14 Muri abakunzi banje, ni mwakora ivyo ndabategetse. 15 Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje. 16 Si mwebwe mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murama imbuto, kandi ngo imbuto zanyu zigumeho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw'izina ryanje, akibahe. 17 Ivyo ndabibategetse kugira ngo mukundane. 18 Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka. 19 Iyo muba abo isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutari abo isi, ariko nabatoranije mu bo isi, ni co gituma isi ibanka. 20 Mwibuke rya jambo nababwiye nti: "Umushumba ntaruta shebuja; namba barampamye, namwe bazobahama; namba baritondeye ijambo ryanje, n'iryanyu bazoryitondera." 21 Ariko ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje, kuko batazi uwantumye. 22 Iyo ntaba naraje ngo ngire ico ndababarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n'ico bireguza icaha cabo. 23 Uwunyanka aba yanka na Data. 24 Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n'uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka. 25 Ariko vyabaye bityo kugira ngo ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Banyankiye ubusa. 26 Ariko Umwitsa aho azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w'ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe, 27 kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mu bihe vya kera.

16

1 Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo ntimuzotsitazwe. 2 Bazobaca mu nsengero z'Abayuda, kandi igihe kigiye kuza, uwuzobica wese azogira ngo agiriye Imana ikimazi. 3 Kandi ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibamenye. 4 Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo igihe cavyo ni cashika, muzovyibuke ko nanje nabibabwiye. Uhereye ubwa mbere sinaribwabibabwire, kuko nari nkiri kumwe namwe. 5 None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n'umwe muri mwebwe arushe ambaza ati: "Uja hehe?" 6 Ariko kuko ndababariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu. 7 Ariko jewe ndababwira ukuri; Ikizogira ico kibamarira, ni uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe; ariko ni nagenda nzomubarungikira. 8 Uwo ni yaza, azohinyuza abo isi, abemeze ivyo icaha, ivyo ukugororoka n'ivyo urubanza; 9 ivyo icaha, kuko batanyizeye, 10 ivyo ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona, 11 ivyo imanza, kuko umwami w'iyi si yaciriwe urubanza. 12 Nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. 13 Ariko uwo Mpwemu w'ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize. 14 Uwo azoshimagiza jewe, kuko azokwakira ku vyanje, akabibamenyesha. 15 Ivyo Data afise vyose ni ivyanje, ni co gitumye mvuga nti: "Yakira ku vyanje, akabibamenyesha." 16 Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona. 17 Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya bati: "Mbega ivyo atubwiye ni ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo kuko nja kwa Data?" 18 Kandi bati: "Ivyo atubwiye ni ibiki, ngo igihe gito?" Ntitumenye ico avuze ico ari co. 19 Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza ati: "Mbega mubazanya ico ari co, ko mbababariye nti: "Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona kandi hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?" 20 Ni ukuri, ni ukuri ndababwire, mweho muzorira muboroge, ariko abo isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, ariko umubabaro wanyu uzocika umunezero. 21 Umugore iyo aramutswe, aja mu mubabaro, kuko igihe ciwe kigeze, ariko iyo umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kuko anezerejwe n'uko umuntu avutse mw'isi. 22 Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kandi imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n'umwe azowubanyaga. 23 Kuri uwo musi nta na kimwe muzombaza. Ni ukuri ndakubwire koko, ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw'izina ryanje. 24 Kugeza ubu nta co mwasavye mw'izina ryanje; musabe muzohabwa, ngo umunezero wanyu wuzuzwe. 25 Ivyo ndabibabwiriye mu migani, ariko igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabwira ivya Data ndabifoboye. 26 Kuri uwo musi muzosaba mw'izina ryanje, kandi sindababwira ngo nzobasabira Data. 27 Kuko Data na we ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana. 28 Navuye kwa Data, nza mw'isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data. 29 Abigishwa biwe baravuga bati: "Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye. 30 Ubuho tumenye ko uzi vyose, kandi ko ku bwawe utarinda ko hogira uwukubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana." 31 Yesu arabishura ati: "Mbega noneho murizeye? 32 Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musabagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje. 33 Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw'isi muri n'amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi."

17

1 Yesu avuze ivyo, arangamiza mw'ijuru ati: "Data, igihe kirashitse; shimagiza Umwana wawe, ngo Umwana agushimagize; 2 nk'uko wamuhaye ububasha ku bafise umubiri bose, ngo abo wamuhaye bose abahe ubugingo budashira. 3 Ubu ni bwo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y'ukuri, n'uwo watumye, Yesu Kristo. 4 Nagushimagije mw'isi, nonosoye igikorwa wampaye gukora. 5 Na none Data, unshimagizanye nawe, unshimagirishije bwa bwiza nahoranye ndi kumwe nawe, isi itararemwa. 6 Nahishuriye izina ryawe abantu wampaye mu b'isi; bari abawe, urabampa, kandi bitondeye ijambo ryawe. 7 None bamenye yuko ivyo wampaye vyose biva kuri wewe; 8 kuko amajambo wampaye nayabahaye, na bo bakayakira, bakamenya vy'ukuri ko naturutse kuri wewe; bakizera ko ari wewe wantumye. 9 Ndabasabira; sinsabira abo isi, ariko nsabira abo wampaye, kuko ari abawe; 10 kandi ivyanje vyose ni ivyawe, n'ivyawe na vyo ni ivyanje, kandi nashimagijwe muri bo. 11 Sinkiri mw'isi, ariko bo bari mw'isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw'izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk'uko natwe turi. 12 Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mw'izina ryawe wampaye. Narabashibamyeko, kandi nta n'umwe muri bo yapfuye rubi, atari wa mwana wo gupfa rubi, kugira ngo ivyanditswe bishike. 13 Ariko none ndaje kuri wewe, kandi ibi ndabivuga ndi mw'isi, kugira ngo bagire umunezero wanje wuzure muri bo. 14 Nabahaye ijambo ryawe; kandi ab'isi barabanka, kuko atari abo isi, nk'uko nanje ntari uwo isi. 15 Sindagusaba ngo ubakure mw'isi, ariko ngo ubarinde wa Mubi. 16 Si ab'isi, nk'uko nanje ntari uwo isi. 17 Ubeze mu kuri, ijambo ryawe ni ryo kuri. 18 Nk'uko wantumye mw'isi, ni ko nanje nabatumye mw'isi, 19 kandi nanje niyeza kubwabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri. 20 Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n'abo bazonyizera ku bwo ijambo ry'aba, 21 kugira ngo bose babe umwe, nk'uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo babe ari ko baba muri twebwe, ngo isi yizere ko ari wewe wantumye. 22 Nanje nabahaye ubwiza wampaye, ngo babe umwe, nk'uko natwe turi umwe. 23 Jewe mbe muri bo, nawe ube muri jewe, ngo bahingurwe babe umwe, kugira ngo isi imenye ko ari wewe wantumye, ukabakunda, nk'uko wankunze. 24 Data, abo wampaye ndagomba ko aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barabe ubwiza bwanje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry'isi ritarashirwaho. 25 Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n'aba na bo bamenye ko ari wewe wantumye. 26 Nabamenyesheje izina ryawe, kandi nzoribamenyesha, ngo urukundo wankunze rube muri bo, nanje mbe muri bo."

18

1 Yesu avuze ivyo, avanayo n'abigishwa biwe afata hakurya y'umugezi witwa Kidironi; aho hari itongo; ashikaho, bo n'abigishwa biwe. 2 Kandi na Yuda amugura yari azi aho hantu, kuko Yesu yahora ajanayo n'abigishwa biwe kenshi. 3 Nuko Yuda amaze guhabwa n'abaherezi bakuru n'Abafarisayo ingabo z' abasoda, bo n'abagendanyi, ajayo, bari n'amatara, ibimuri n'ibirwanisho. 4 Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza ati: "Murondera nde?" 5 Na bo baramwishura bati: "Yesu Umunyanazareti." Arababwira ati: "Ni jewe." Kandi Yuda, amugura, yari ahagararanye na bo. 6 Amaze kubabarira ati: "Ni jewe," bagenza imigongo, bagwa hasi. 7 Na we asubira kubabaza ati: "Murondera nde?" Na bo bati: "Yesu Umunyanazareti. 8 Yesu arabishura ati: "Nababwiye ko ari jewe; asangwa ari jewe murondera, mureke aba, bigire." 9 Ukwo kwari ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo mu bo wampaye nta n'umwe najimije. 10 Simoni Petero yari n'inkota, arayisokora, aca ugutwi kw'i buryo kw'umuntu w'umuherezi mukuru, uwo muntu yitwa Malikusi. 11 Maze Yesu abarira Petero ati: "Subiza inkota mu rwubati, mbega igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?" 12 Nuko abasoda n'umukuru w'intwazangabo zabo n'abagendanyi b'Abayuda bafata Yesu, baramuboha, 13 babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo muri uwo mwaka. " 14 Kandi Kayafa ni we yari yagiriye inama Abayuda, yuko ari ibibereye ko umuntu umwe apfira ubwo bwoko. 15 Simoni Petero akurikira Yesu, bo n'uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw'uwo muherezi mukuru, 16 ariko Petero asigara ahagaze kw'irembo. Wa wundi mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashika kw'irembo, avugana n'umukumirizi, araheza ashikana Petero imbere. 17 Maze iyo ncoreke ikumira ibaza Petero ati: " "Mbega nawe uri mu bigishwa b'uwo muntu?" Petero ati: "Oya, sindimwo." " 18 Abashumba n'abagendanyi bari bahagaze bacanye umuriro w'amakara, kuko hari imbeho, bariko barota; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yota. 19 Nuko umuherezi mukuru asiguza Yesu ivyo abigishwa biwe n'inyigisho ziwe. 20 Yesu aramwishura ati: " "Nabarira abo isi ndavyeruye, nahora nigishiriza mu nsengero z'Abayuda no mu rundi rusengero aho Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho. 21 Umbarije iki? Baza abahora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze." 22 Avuze atyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi ati: "Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?" 23 Yesu aramubaza ati: "Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namba ari neza, unkubitiye iki?" 24 Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru. 25 Simoni Petero yari ahagaze yota; nuko baramubaza bati: "Mbega nawe uri mu bigishwa biwe?" Na we arahakana ati: "Oya, sindimwo." 26 Umwe mu bashumba b'umuherezi mukuru, yari incuti y'umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza ati: "Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?" " 27 Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika. 28 Bakura Yesu kwa Kayafa, bamujana mu nzu y'iburaniro; hari mu mutwenzi. Ariko ubwabo ntibinjira mu nzu y'ibonaniro, ngo ntibihumanye, kugira ngo babone ingene barya Pasika. 29 Kubwo ivyo Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: " "Ikirego mufise kuri uwo muntu ni igiki?" 30 Baramwishura bati: "Ugira ngo uwu, iyaba atakoze ibibi tuba tumukuzaniye?" 31 Nuko Pilato arababwira ati: "Ni mumujane mwebwe, mumucire urubanza nk'uko ivyagezwe vyanyu bivuga." Abayuda baramwishura bati: "Erega twebwe ntitwemererwa kwica umuntu." 32 Kwari ukugira ngo ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urwo ari rwo. 33 Nuko Pilato asubira mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, ahamagaza Yesu, aramubaza ati: "Ni wewe Mwami w'Abayuda?" 34 Yesu ati: "Mbega ivyo ubibajije kubwawe, canke n'abandi bakubariye ivyanje? 35 Pilato ati: "Mbega nanje ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwanyu n'abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?" 36 Yesu aramwishura ati: "Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si; iyaba ubwami bwanje bwari ubwo muri iyi si, abagendanyi banje baba barwanye, ngo simpabwe Abayuda. Ariko noneho ubwami bwanje si ubwo ino." 37 Nuko Pilato aramubaza ati: "Ubwo wewe uri umwami?" Yesu ati: "Ni wewe uvyivugiye ko ndi umwami." Iki ni co navukiye, kandi iki ni co canzanye mw'isi, ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uwo ukuri wese yumva ijwi ryanje. 38 Pilato aramubaza ati: "Mbega ukuri ni iki?" Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja aho Abayuda bari, arababwira ati: "Jewe nta kibi nabonye kuri we. 39 Ariko musanganywe umugenzo ko ndabarekurira umwe mu misi ya Pasika; none muragomba ko ndabarekurira umwami w'Abayuda?" 40 Nuko basubira gusemerera bati: "Si uyo, ariko turekurire Baraba." Yamara Baraba yari umwambuzi.

19

1 Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha. 2 Abasoda na bo batsiba igitsibo c' amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu itukura y'agaciro. 3 Baramwegera bati: "Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda." Maze bamukubita amakofe. 4 Maze Pilato asubira gusohoka, arababwira ati: "Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye ko ata kibi nabonye kuri we." 5 Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c'amahwa na ya mpuzu itukura y'igiciro kinini. Pilato arababwira ati: "Ehe raba uwo muntu !" 6 Maze abaherezi bakuru n'abagendanyi bamubonye, barasemerera bati: "Mubambe, mubambe." Pilato arababwira ati: "Ni mube ari mwebwe mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we." 7 Abayuda baramwishura bati: "Twebwe dufise icagezwe, kandi kubwo ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w'Imana." 8 Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya. 9 Asubira kwinjira mu kibanza baciramwo imanza, abaza Yesu ati: "Uri uwa hehe?" Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe. 10 Nuko Pilato aramubaza ati: "Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bwo kukurekura, kandi mfise ububasha bwo kukubamba?" 11 Yesu aramwishura ati: "Nta bubasha wari ufise kuri jewe, kiretse ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje." 12 Uhereye aho Pilato arondera uburyo bw'uko yomurekura, ariko Abayuda barasemerera bati: "Ni warekura uwo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuko uwigira umwami wese aba agararije Kayisari." 13 Nuko Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y'imanza, yari ahantu hitwa Musezero w' amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata. 14 Wari umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk'isaha zitandatu. Abwira Abayuda ati: "Ehe raba umwami wanyu." 15 Na bo barasemerera bati: "Mukureho, mukureho, umubambe." Pilato arababaza ati: "Mbambe umwami wanyu?" Abaherezi bakuru bati: "Nta mwami dufise, atari Kayisari." " 16 Araheza aramubahereza, ngo abambwe. Nuko basumira Yesu 17 Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota; 18 bamubambaho, hamwe n'abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati. 19 Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W'ABAYUDA. 20 Benshi mu Bayuda basoma ico candiko, kuko aho hantu Yesu yabambwe hari hafi y'igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki. 21 Nuko Abaherezi bakuru b'Abayuda babwira Pilato bati: " "Nta co wandika ngo Umwami w'Abayuda, ariko ko yivuze ngo Ni jewe Mwami w'Abayuda." 22 Pilato arabishura ati: "Ico nanditse, nacanditse." 23 Nuko abasoda, bamaze kubamba Yesu, bakira impuzu ziwe, bazigaburamwo imigabane ine, umusoda wese umugabane wiwe; hasigara umutamana. Kandi uwo mutamana ntiwari ufise umubariro, wari ujishwe kumwe, uhereye hejuru kugeza hasi. 24 Nuko baravugana bati: "Ntituwutabure, tuwupfindire, ugire uwuwegukiye." Kwari ukugira ngo ivyanditswe bishike,ngo Bagabuye impuzu zanje,Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni ko abasoda babikoze. 25 Ariko i ruhande y'umusaraba wa Yesu hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene. 26 Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina ati: "Nyina wanje, nguwo umwana wawe." 27 Maze abarira wa mwigishwa ati: "Nguwo nyoko." " Uhereye ako kanya uwo mwigishwa ajana Mariya i we. 28 Hanyuma y'ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngo icanditswe gishike, aravuga ati: " "Ndafise inyota." 29 Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo yuzuyemwo inkarisha kw' irenga, bayirungika ku munwa wiwe. 30 Yesu amaze kuyihabwa, aravuga ati: "Birarangiye." " Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca. 31 Uwo musi wari uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngo ababambwe ntibagume ku misaraba kw'isabato, kuko uwo musi w'isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngo amaguru yabo avunwe, kandi ngo babamburwe. 32 Maze abasoda baraza, bavuna amaguru y'uwa mbere n'ayo uwundi yabambanywe na we. 33 Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibaba bakimuvuna amaguru, 34 ariko umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n'amazi. 35 Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kandi intahe yiwe ni iyo ukuri, kandi arazi ko avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere. 36 Kuko ivyo vyabayeho kugira ngo icanditswe gishike, ngo nta n'igufa ryiwe rizovunwa. " 37 Kandi hari ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bacumise. 38 Hanyuma y'ivyo Yosefu Umunyarimataya, yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, ku bwo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngo akijane, Pilato aremera; nuko araza ajana ikiziga ciwe. 39 Kandi haza na Nikodemu, umwe yaza kuri Yesu mw'ijoro ubwa mbere, azana ikivange c'isenga n'imbazi nk'ibilo mirongo itanu. 40 Nuko bakira ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n'ivyo bimota neza, nk'uko umugenzo w'Abayuda wo guhamba wari uri. 41 Kandi aho hantu yabambwe hari itongo; kandi muri iryo tongo hari imva nshasha itarahambwamwo umuntu; 42 aho ni ho bahamvye Yesu, kuko wari umusi wo kwitegura kw'Abayuda, kandi iyo mva ikaba hafi.

20

1 Ku wa mbere w'imisi indwi mu gaturuturu, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikuwe ku mva; 2 agenda ariruka ashikira Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: "Bakuye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bamushize." 3 Nuko Petero arasohoka, na wa mwigishwa wundi, baja ku mva. 4 Bose birukira icarimwe, kandi wa mwigishwa wundi asiga Petero, amutanga ku mva. 5 Yunamye, arungurutseyo, abona za mpuzu zera derere zirambitseho, ariko ntiyinjira. 6 Maze Simoni Petero arashika amukurikiye, yinjira mu mva, abona za mpuzu zirambitseho, 7 n'igitambara cari mu mutwe wiwe, kitarambitse hamwe na za mpuzu, ariko kizinze kiri ahaco ukwa conyene. 8 Ni ho hinjiye wa mwigishwa wundi na we, umwe yabanje gushika ku mva, abibonye arizera. 9 Kuko bataribwamenye ivyanditswe yuko akwiye kuzozuka mu bapfuye. 10 Maze abo bigishwa bavayo basubira i wabo. 11 Mariya yari ahagaze ku mva arira. Akiriko ararira, arunama, arunguruka mu mva, 12 abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo y'aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye. 13 Baramubaza bati: "Mbega nyina wanje, urizwa ni iki?" Na we ati: "Ni uko bakuyeho Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize." 14 Avuze ivyo, arakebuka, abona Yesu ahagaze, ariko ntiyamenya ko ari Yesu. 15 Yesu aramubaza ati: "Mbega nyina wanje, urizwa n'iki? Urondera nde?" Na we yiyumvira ko ari umurimyi waho, aramubwira ati: "Mugenzi, namba ari wewe wamukuye hano, ndangira aho wamushize, ndamukureyo." 16 Yesu aramuhamagara ati: "Mariya." Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo ati: "Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha)." 17 Yesu aramubwira ati: "Ntunkoreko, kuko ntaraduga kwa Data; ariko genda ku bavukanyi banje, ubabarire uti: 'Agira aduge kwa Se ari we So' kandi ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu." 18 Mariya Magadalene aragenda, abarira abigishwa inkuru ati: "Nabonye Umwami;" " abadondera ivyo yamubariye. 19 Nuko kuri uwo musi bugorovye, ni wo musi wa mbere w'imisi indwi, imiryango yari yugaye aho abigishwa bari, kubwo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababwira ati: " "Amahoro abe muri mwebwe." 20 Amaze kuvuga atyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maze abigishwa baranezerwa, babonye Umwami. 21 Yesu yongera kubabwira ati: "Amahoro abe muri mwebwe." Nk'uko Data yantumye ni ko nanje nabatumye." 22 Avuze ivyo, abahumekerako ati: "Ni mwakire Mpwemu Yera. 23 Kandi abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; ariko abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe." 24 Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe icumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza. 25 Abandi bigishwa baramubwira bati: "Twabonye Umwami." Na we arabishura ati: "Ni ntabona inkovu z'imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z'imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera." 26 Maze imisi umunani ishize abigishwa bari mu nzu ukundi gusha, na Toma bari kumwe. Yesu araza, imyango yari yugaye, abahagarara hagati ati: "Amahoro abe muri mwebwe." 27 Maze abwira Toma ati: "Zana hano urutoke rwawe, urabe ibiganza vyanje; zana n'urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba uwutizera, ariko ube uwizeye." 28 Toma aramwishura ati: "Mwami wanje, kandi Mana yanje." 29 Yesu aramubwira ati: "Wijejwe n'uko umbonye. Harahiriwe abatarinze kubona, yamara bakizera." 30 Hariho n'ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y' abigishwa, bitanditswe muri iki gitabo. 31 Ariko ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w'Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw'izina ryiwe.

21

1 Hanyuma y'ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c'i Tiberiya. Kandi uburyo yiyerekanye ni ubu: 2 Simoni Petero, Toma ari we Hasa bari kumwe na Natanayeli w'i Kana i Galilaya, n'abana ba Zebedayo, n'abandi bigishwa babiri. 3 Simoni Petero arababwira ati: "Ndagiye kuroba." Na bo bati: "Natwe turajana nawe." Barikora, batambukira mu bwato. Muri iryo joro ntibagira ico bafata. 4 Umutwenzi ugitambika, Yesu ahagarara ku musenyi, ariko abigishwa ntibamenya ko ari we. 5 Nuko Yesu arababaza ati: "Bana, hari ico kurya mufise?" Bati: "Oya." 6 Arababwira ati: "Ni muterere urusenga i buryo bw'ubwato, muraronka." Nuko baraterera, ntibaba bakibasha kurukwega, kuko ifi zari isinzi. 7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: "Ni Umwami Yesu." Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga. 8 Ariko abandi bigishwa baza mu bwato, kuko bari hafi y'umusenyi, hari nk'intambuko ijana, bakwega urusenga rurimwo ifi. 9 Bafashe i musozi, babonaho umuriro w'amakara n'ifi zigeretseko, n'umutsima. 10 Yesu arababwira ati: "Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba." 11 Simoni Petero aja mu bwato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nininini ijana na mirongo itanu na zitatu, kandi naho zari zingana zityo, urusenga ntirwacitse. 12 Yesu arababarira ati: "Ni muze murye." " Ariko mu bigishwa ntihagira uwutinyuka kumubaza ati: "Uri nde?" Kuko bari bamenye ko ari Umwami Yesu. 13 Yesu araza, yakira umutsima, arawubaha, n'ifi ni uko. 14 Ubwo bwari ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye. 15 Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero ati: " "Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda kurusha aba?" Na we ati: "Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera." Aramubwira ati: "Ahura imyagazi y'intama zanje." 16 Yongera kumubaza ubugira kabiri ati: "Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda?" Na we ati: "Ego, Mugenzi, wewe urazi ko ndagukunda." Aramubwira ati: "Ragira intama zanje." 17 Amubaza ubugira gatatu ati: "Simoni, umwana wa Yohana, mbega urankunda?" Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo mbega urankunda? Aramwishura ati: "Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko ndagukunda." Yesu aramubwira ati: "Ahura intama zanje." 18 Ni ukuri ndakubwire koko; ukiri umusore, warikenyeza, ukaja aho ugomba; ariko aho uzosazira, uzogorora amaboko, uwundi agukenyeze, akujane aho utagomba. 19 Icatumye avuga atyo, kwari ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga atyo, aramubarira ati: "Nkurikira." 20 Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe basangira, akamubaza ati: "Mugenzi, ni nde azokugura?" 21 Nuko Petero amubonye, abaza Yesu ati: "Mugenzi, uwu we bizoba bite?" 22 Yesu aramwishura ati: "Namba ngomba ko azogumaho kugeza aho nzozira, bigutwaye iki?"Wewe nkurikira. " 23 Ni co catumye iri jambo rikwira mu bavukanyi, ngo uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubwiye ko atazopfa, ariko yavuze ati: "Namba ngomba ko agumaho kugeza aho nzozira, bigutwaye iki?" 24 Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yuko intahe yiwe ari iyo ukuri. 25 Ariko hariho n'ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwekimwe, ngira ngo n'isi na yo ntiyokwirwamwo ibitabo vyokwanditswe."